8Haciye igihe gitoyi, agendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana+. Kandi bamwe cumi na babiri bari kumwe na we,
38 inkuru yerekeye Yezu uwava i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje impwemu nyeranda+ be n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani*+; kubera ko Imana yari kumwe na we+.