Matayo 10:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 mugabo uwo wese anyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana+ imbere ya Dawe ari mw’ijuru. Mariko 8:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni+ na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+.” 2 Timoteyo 2:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we+; nitwamwihakana+, na we azotwihakana;
38 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni+ na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+.”