1 Samweli 25:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mubwire uwo mwene wacu muti: ‘Umererwe neza+, n’urugo rwawe nyene rumererwe neza, n’ivyo ufise vyose bimererwe neza. Matayo 10:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mwinjiye mu nzu, muramutse urwo rugo; Luka 9:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Mugabo aho hose mwinjiye mu nzu, muhagume hanyuma muhave+. Yohani 20:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Nuko rero bugorovye kuri uwo musi, umusi wa mbere w’iyinga+, kandi naho imiryango yari yugaye aho abigishwa bari kubera ugutinya+ Abayuda, Yezu araza+ ahagarara hagati yabo, ababwira ati: “Mugire amahoro+.”
6 Mubwire uwo mwene wacu muti: ‘Umererwe neza+, n’urugo rwawe nyene rumererwe neza, n’ivyo ufise vyose bimererwe neza.
19 Nuko rero bugorovye kuri uwo musi, umusi wa mbere w’iyinga+, kandi naho imiryango yari yugaye aho abigishwa bari kubera ugutinya+ Abayuda, Yezu araza+ ahagarara hagati yabo, ababwira ati: “Mugire amahoro+.”