Imigani 14:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Uwusuzugura mugenziwe aba acumuye+, mugabo hahiriwe uwugirira ubutoni abarushwa+. Hoseya 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+. Mika 6:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?
6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.
8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?