Gusubira mu vyagezwe 25:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nimba nya mubisha akwiye gukubitwa+, umucamanza aze ategeke ko aryama yubitse inda, akubitirwe imbere yiwe igitigiri c’inkoni+ gihuye n’igikorwa ciwe c’ububisha. Yohani 9:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Yezu ababwira ati: “Iyo muba muri impumyi nta gicumuro mwari kuba mufise. Mugabo ubu muvuga muti: ‘Turabona+.’ Igicumuro+ canyu kigumyeho.” Yakobo 1:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ariko mube abashira mu ngiro rya jambo+, atari abumva gusa, mwibesha n’ivyiyumviro bitari vyo+. Yakobo 4:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nimba rero umuntu azi gukora ibigororotse yamara ntabikore+, bimubera igicumuro+.
2 Nimba nya mubisha akwiye gukubitwa+, umucamanza aze ategeke ko aryama yubitse inda, akubitirwe imbere yiwe igitigiri c’inkoni+ gihuye n’igikorwa ciwe c’ububisha.
41 Yezu ababwira ati: “Iyo muba muri impumyi nta gicumuro mwari kuba mufise. Mugabo ubu muvuga muti: ‘Turabona+.’ Igicumuro+ canyu kigumyeho.”