15 Mugabo Umukama amubwira ati: “Genda, kubera ko uwo muntu ari icombo nitoreye+ ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga+ no ku bami+ no kuri bene Isirayeli.
5 biciye kuri we tukaba twararonse ubuntu ata wari abukwiriye+ be n’ibanga ry’ukuba intumwa+ kugira ngo mu mahanga yose+ habe ukugamburuka kuvuye ku kwizera ku bijanye n’izina ryiwe,
7 Ku bw’iyo ntahe+ ni ho nagenywe kuba umwamamaji n’intumwa+—ndiko mvuga ukuri+, sindiko ndabesha—umwigisha w’amahanga+ mu bijanye n’ukwizera+ be n’ukuri.