ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 24:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Muri ivyo koko ni ho ndiko nihata ubudahengeshanya ngo ngire ijwi ryo mu mutima+ rimbwira ko ata kibi ndiko nkorera Imana n’abantu.

  • 2 Abakorinto 1:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Kuko iki ari co twirata, ari na co ijwi ryacu ryo mu mutima rishingira intahe+: ni uko mw’isi, ariko na canecane kuri mwebwe, twagendeye mu bweranda no mu kutagira uburyarya gushimwa n’Imana, atari mu bukerebutsi bw’umubiri+, ahubwo mu buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.

  • 2 Timoteyo 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda+ nka ba sogokuruza banje+ mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye+, kubona ntahengeshanya kukwibuka mu ntakambo zanje+, ijoro n’umurango

  • Abaheburayo 13:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mubandanye kudusengera+, kuko tuzi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose+.

  • 1 Petero 3:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza+, kugira ngo mu kintu nyene muvugwamwo nabi, abatyoza ingeso nziza zanyu mu bijanye na Kristu+ bamaramare+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika