ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 53:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kubera ivyago vyiwe, azobona+, azohaga+. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje+, azozanira abantu benshi impagararo igororotse+; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera+.

  • Yeremiya 31:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 “Ntibazosubira kwigishanya, ngo umwe wese yigishe mugenziwe, kandi ngo umwe wese yigishe mwene wabo+, ngo: ‘Nimumenye Yehova+!’, kuko bose bazomenya, guhera ku muto muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi bose muri bo+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka+.”

  • Ezekiyeli 34:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Nzozihagurukiriza umwungere umwe+, na we azoziragira, emwe, umusavyi wanje Dawidi+. Ni we azoziragira, kandi ni we azoba umwungere wazo+.

  • Daniyeli 9:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 “Hari amayinga mirongo irindwi yashingiwe igisata cawe+ be n’igisagara cawe ceranda+, ku bwo kurangiza ibigabitanyo+, no gukuraho igicumuro+, no gutangira impongano* ikosa+, no kuzana ubugororotsi gushika ibihe bitagira urugero+, no gushira ikidodo+ kw’iyerekwa no ku muhanuzi, no kurobanuza amavuta* Aheranda h’Aheranda+.

  • Luka 24:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Maze ahera kuri Musa+ no ku Bahanuzi+ bose, abasobanurira ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose.

  • Ivyahishuwe 19:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe ngo ndamusenge+. Mugabo ambwira ati: “Uragaba! Ntugire ivyo+! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Senga Imana+; kuko ugushingira intahe Yezu ari yo ntumbero y’ubuhanuzi+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika