ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 22:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 “Umwimbu wawe wose be n’umusesekara w’uruganiro rwawe ntukabitange ugonanwa+. Imfura mu bahungu bawe uze uyimpe+.

  • 1 Ngoma 29:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ndazi neza, ewe Mana yanje, yuko usuzuma umutima+, kandi yuko uhimbarwa n’ubugororotsi+. Jewe, mu kugororoka kw’umutima wanje ni ho ntanze ibi bintu vyose ndabikunze; none rero mpimbawe no kubona aba bantu bawe bari hano bagushikanira amashikanwa babikunze.

  • Imigani 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Uwutanga cane azodoheshwa+, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi+.

  • Ivyakozwe 20:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Naraberetse muri vyose yuko mu kubira akuya gutyo+ ari ho mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya+, kandi ko mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare+ kuruta guhabwa.’”

  • Abaroma 12:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 canke uwuhimiriza, yijukire uguhimiriza kwiwe+; uwugabura, abikore ata kwitangira+; uwuhagarikira+, abigirane ubwira nyabwo; uwugira imbabazi+, abigirane akamwemwe.

  • Abaheburayo 13:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Vyongeye, ntimwibagire gukora iciza+ be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika