10 Mugabo bivuye ku buntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana, ubu ndi ico ndi. Kandi ubuntu ata wari abukwiriye bwayo nagiriwe ntibwabaye impfagusa+, mugabo narabize akuya kubarusha bose+, yamara si jewe ahubwo ni ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana buri kumwe nanje+.