14 Nuko Jambo acika umubiri+, aba hagati muri twebwe, kandi twaritegereje ubuninahazwa bwiwe, ubuninahazwa nk’ubw’umwana w’ikinege+ ava kuri se; kandi yari yuzuye ubuntu ata wari abukwiriye be n’ukuri+.
16 Egome, ibanga ryeranda+ ry’ukwo kwihebera Imana nta wobura kwemera ko rikomeye: ‘Yerekanywe mu mubiri+, yitwa umugororotsi mu mpwemu+, abonekera abamarayika+, yamamazwa mu mahanga+, yemerwa mw’isi+, yakirwa mw’ijuru mu buninahazwa+.’
14 Rero, kubera ko nya “bana batoyi” ari abasangiye amaraso n’umubiri, na we nyene yaronse kuri ivyo bintu nyene+, kugira ngo biciye ku rupfu rwiwe+ ahindure ubusa+ umwe afise uburyo bwo guteza urupfu+, ari we Shetani*+;