Yohani 17:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Kandi ndiko ndiyeza ku bwabo, ngo na bo nyene bezwe+ biciye ku kuri. Abanyefeso 5:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 kugira ngo aryeze+, aryuhagize amazi biciye kuri rya jambo+, 2 Abatesalonika 2:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ariko ntitworeka kwama dukengurukira Imana ku bwanyu, yemwe bene wacu bakundwa na Yehova, kubera ko Imana yabarobanuye+ guhera mu ntango ngo muronke ubukiriro mu kubezesha+ impwemu+ no mu kwizera mufise mu kuri+. 1 Petero 1:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 kuko vyanditswe ngo: “Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda+.”
13 Ariko ntitworeka kwama dukengurukira Imana ku bwanyu, yemwe bene wacu bakundwa na Yehova, kubera ko Imana yabarobanuye+ guhera mu ntango ngo muronke ubukiriro mu kubezesha+ impwemu+ no mu kwizera mufise mu kuri+.