Imigani 28:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Uwukangīra umuntu+, mu nyuma azoronka ubutoni bwinshi kuruta uwuryosharyosha n’ururimi rwiwe. Abanyefeso 5:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 kandi mureke gufatanya+ na bo mu bikorwa vyabo birumvye vy’umwiza+, ahubwo nyabuna mubikangire+, Tito 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 agumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha+, kugira ashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro*+ no gukangira+ abayivuguruza. Tito 1:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Iyo ntahe ni iy’ukuri. Ico nyene nigitume uguma ubakangira ubahambarira+, kugira ngo bagire amagara meza+ mu kwizera, Ivyahishuwe 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “‘Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero+. Nugire umwete rero, wigaye+.
9 agumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha+, kugira ashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro*+ no gukangira+ abayivuguruza.
13 Iyo ntahe ni iy’ukuri. Ico nyene nigitume uguma ubakangira ubahambarira+, kugira ngo bagire amagara meza+ mu kwizera,