ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 15:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake+, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu+.

  • Abagalatiya 6:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.

  • Abanyefeso 4:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+ be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya+, mwihanganirana mu rukundo+,

  • 1 Timoteyo 6:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu+. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana, ubwitonzi+.

  • 2 Timoteyo 2:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 akigisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye+; kuko kumbure Imana yobaha ukwigaya+ gushikana ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+,

  • 1 Petero 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mugabo mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu+, mwame mwiteguriye kwiburanira+ imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika