Imigani 15:1 Bibiliya y’isi nshasha 15 Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake+, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu+. Abagalatiya 6:1 Bibiliya y’isi nshasha 6 Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+. Abanyefeso 4:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+ be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya+, mwihanganirana mu rukundo+, 1 Timoteyo 6:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu+. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana, ubwitonzi+. 2 Timoteyo 2:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 akigisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye+; kuko kumbure Imana yobaha ukwigaya+ gushikana ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+, 1 Petero 3:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Mugabo mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu+, mwame mwiteguriye kwiburanira+ imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure.
6 Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.
2 muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+ be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya+, mwihanganirana mu rukundo+,
11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu+. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana, ubwitonzi+.
25 akigisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye+; kuko kumbure Imana yobaha ukwigaya+ gushikana ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+,
15 Mugabo mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu+, mwame mwiteguriye kwiburanira+ imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure.