ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 12:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Yehova abonekera Aburamu maze avuga ati: “Uruvyaro* rwawe+ ngiye kuruha iki gihugu+.” Inyuma y’ivyo ahubakira igicaniro Yehova, uwari yamubonekeye.

  • Itanguriro 17:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nzotuma urondoka cane, cane rwose, nongere ntume amahanga agukomokako, kandi abami bazokwamuka kuri wewe+.

  • Itanguriro 22:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+.

  • Abaroma 4:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kuko bitaciye kw’itegeko ngo Aburahamu canke uruvyaro* rwiwe aronke wa muhango+ w’uko yobaye samuragwa w’isi, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bivuye ku kwizera+.

  • Abagalatiya 3:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu+ n’uruvyaro*+ rwiwe. Ntihavuga ngo: “No ku mvyaro” nk’aho zoba ari nyinshi, ahubwo havuga nk’aho ari rumwe+ hati: “No ku ruvyaro+ rwawe,” ari rwo Kristu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika