Itanguriro 12:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Yehova abonekera Aburamu maze avuga ati: “Uruvyaro* rwawe+ ngiye kuruha iki gihugu+.” Inyuma y’ivyo ahubakira igicaniro Yehova, uwari yamubonekeye. Itanguriro 17:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nzotuma urondoka cane, cane rwose, nongere ntume amahanga agukomokako, kandi abami bazokwamuka kuri wewe+. Itanguriro 22:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+. Abaroma 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko bitaciye kw’itegeko ngo Aburahamu canke uruvyaro* rwiwe aronke wa muhango+ w’uko yobaye samuragwa w’isi, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bivuye ku kwizera+. Abagalatiya 3:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu+ n’uruvyaro*+ rwiwe. Ntihavuga ngo: “No ku mvyaro” nk’aho zoba ari nyinshi, ahubwo havuga nk’aho ari rumwe+ hati: “No ku ruvyaro+ rwawe,” ari rwo Kristu+.
7 Yehova abonekera Aburamu maze avuga ati: “Uruvyaro* rwawe+ ngiye kuruha iki gihugu+.” Inyuma y’ivyo ahubakira igicaniro Yehova, uwari yamubonekeye.
6 Nzotuma urondoka cane, cane rwose, nongere ntume amahanga agukomokako, kandi abami bazokwamuka kuri wewe+.
17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+.
13 Kuko bitaciye kw’itegeko ngo Aburahamu canke uruvyaro* rwiwe aronke wa muhango+ w’uko yobaye samuragwa w’isi, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bivuye ku kwizera+.
16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu+ n’uruvyaro*+ rwiwe. Ntihavuga ngo: “No ku mvyaro” nk’aho zoba ari nyinshi, ahubwo havuga nk’aho ari rumwe+ hati: “No ku ruvyaro+ rwawe,” ari rwo Kristu+.