-
Ezekiyeli 47:12Bibiliya y’isi nshasha
-
-
12 “Kandi ku nkengera ya nya ruzi, uko inkombe yarwo igenda, hakuno no hakurya, hazomera ubwoko bwose bw’ibiti bitanga ibifungurwa+. Amababi yavyo ntazokabirana+, eka n’ivyamwa vyavyo ntibizohera+. Mu mezi yavyo, bizoza birama ivyamwa bishasha, kuko amazi abigaburira ari ayava aheranda ubwaho+. Kandi ivyamwa vyavyo bizoba ivyo kurya, amababi yavyo na yo abe ayo kuvūra+.”
-