Luka 8:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Nayo izo mw’ivu ryiza, abo ni bamwe iyo bamaze kwumva iryo jambo n’umutima mwiza kandi umeze neza+ baheza bakarigumya, bakama ivyamwa bihanganye+. Luka 21:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu+. 2 Timoteyo 2:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we+; nitwamwihakana+, na we azotwihakana; Abaheburayo 10:36 Bibiliya y’isi nshasha 36 Kuko mukeneye ukwihangana+, kugira ngo nimwamara gukora ukugomba kw’Imana+, muronke iranguka rya wa muhango+. Abaheburayo 12:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Egome, murimbure mwitonze umwe yihanganira mwene ayo majambo y’ibihari+ abacumuzi bavuga bigirira nabi, kugira ntimuruhe ngo mudendebukirwe mu mitima yanyu+.
15 Nayo izo mw’ivu ryiza, abo ni bamwe iyo bamaze kwumva iryo jambo n’umutima mwiza kandi umeze neza+ baheza bakarigumya, bakama ivyamwa bihanganye+.
36 Kuko mukeneye ukwihangana+, kugira ngo nimwamara gukora ukugomba kw’Imana+, muronke iranguka rya wa muhango+.
3 Egome, murimbure mwitonze umwe yihanganira mwene ayo majambo y’ibihari+ abacumuzi bavuga bigirira nabi, kugira ntimuruhe ngo mudendebukirwe mu mitima yanyu+.