ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 36
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Guharura 36:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 26:29; Yos 17:1

Guharura 36:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 26:55; 33:54
  • +Gh 27:1, 7

Guharura 36:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 27:4

Guharura 36:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 25:10

Guharura 36:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 36:2
  • +Gh 36:12

Guharura 36:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 23:22

Guharura 36:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 36:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2008, rup. 4-5

Guharura 36:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 27:1

Guharura 36:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:8; Yos 22:5; Ums 12:13
  • +Gh 26:3; 33:50; 35:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Guh. 36:1Gh 26:29; Yos 17:1
Guh. 36:2Gh 26:55; 33:54
Guh. 36:2Gh 27:1, 7
Guh. 36:3Gh 27:4
Guh. 36:4Lw 25:10
Guh. 36:6Gh 36:2
Guh. 36:6Gh 36:12
Guh. 36:81Ng 23:22
Guh. 36:10Gh 36:6
Guh. 36:11Gh 27:1
Guh. 36:13Gus 30:8; Yos 22:5; Ums 12:13
Guh. 36:13Gh 26:3; 33:50; 35:1
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
Bibiliya y’isi nshasha
Guharura 36:1-13

Guharura

36 Abakuru ba ba se b’umuryango wa bene Gileyadi mwene Makiri+, Makiri wa Manase, wo mu miryango ya bene Yozefu, begera hafi maze bavugira imbere ya Musa n’abakuru, abakuru ba ba se ba bene Isirayeli, 2 bati: “Yehova yategetse umukama wanje guha bene Isirayeli igihugu bwa ntoranwa biciye ku bupfindo+; kandi umukama wanje yategetswe na Yehova guha intoranwa ya Zelofehadi mwene wacu abakobwa biwe+. 3 Nihagira abo mu bahungu bo mu yindi miryango ya bene Isirayeli bababīra, intoranwa ya nya bagore izokurwa rero ku ntoranwa ya ba data yongerwe ku ntoranwa y’umuryango bazoba begukiye, ku buryo yoba ikuwe ku ntoranwa+ twaronse biciye ku bupfindo. 4 Maze nihaba Yubile+ ku bwa bene Isirayeli, intoranwa ya nya bagore izokwongerwa rero ku ntoranwa y’umuryango bazoba begukiye; ku buryo intoranwa yabo yoba ikuwe ku ntoranwa y’umuryango wa ba data.”

5 Musa ategeka rero bene Isirayeli abitegetswe na Yehova ati: “Umuryango wa bene Yozefu uvuga vyo. 6 Iri ni ryo jambo Yehova ategetse ku bijanye n’abakobwa ba Zelofehadi+, ati: ‘Bashobora kwabirwa n’uwo babona ko abereye mu maso yabo. Gusa baze babirwe mu nzu yo mu muryango wa ba se+. 7 Ntihaze hagire intoranwa ya bene Isirayeli iva mu muryango ngo ije mu wundi, kuko bene Isirayeli bakwiye kwumira umwe wese ku ntoranwa y’umuryango wa ba sekuruza. 8 Umukobwa wese aronse intoranwa mu miryango ya bene Isirayeli, aze yabirwe n’uwo mu nzu yo mu muryango wa se+, kugira ngo bene Isirayeli baronke umwe wese intoranwa ya ba sekuruza. 9 Ntihaze hagire intoranwa iva mu muryango umwe ngo ije mu wundi, kuko imiryango ya bene Isirayeli ikwiye kwumira umwe wose ku ntoranwa yawo bwite.’”

10 Abakobwa ba Zelofehadi bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa+. 11 Mahila na Tiruza na Hogula na Milika na Nowa, abakobwa ba Zelofehadi+, babirwa rero n’abahungu ba bene wabo na ba se. 12 Babirwa n’abo mu miryango ya bene Manase mwene Yozefu, kugira ngo intoranwa yabo igume mu muryango w’inzu ya se.

13 Ayo ni yo mabwirizwa+ n’ingingo z’ubutungane Yehova yategetse bene Isirayeli biciye kuri Musa, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika