Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi.
14 Imburabwenge yavuze mu mutima wayo ngo:
“Yehova nta wuriho+.”
Barikwegeye guhona+, bakoze ibiteye ishishi.
Nta n’umwe ariho akora iciza+.
2 Nayo Yehova, yaravye hasi ari mw’ijuru, araba abana b’abantu+,
Ngo arabe ko hariho uwufise ugutahura kwimbitse, uwurondera Yehova+.
3 Bose barakebeje+, bose ni cokimwe barononekaye+;
Nta n’umwe ariho akora iciza+,
Habe n’umwe+.
4 Mbega nta n’umwe mu bakora ibintu bibabaza yaronse ubumenyi+,
Ko barotsa abantu banje nk’uko bariye umukate+?
Ntibarushe bambaza Yehova+.
5 Aho nyene baratekewe n’ubwoba bwinshi+,
Kuko Yehova ari hagati mw’iyaruka ry’umugororotsi+.
6 Impanuro y’umurushwa mwarayimaramaza,
Kuko Yehova ari ubuhungiro bwiwe+.
7 Ese icompa i Siyoni hakava ubukiriro bwa Isirayeli+!
Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe+,
Yakobo aze anezerwe, Isirayeli ahimbarwe+.