Ku muyobozi. “Ntuhonye.” Agahibongozo. Ni izaburi ya Asafu+. Ururirimbo.
75 Turagukengurukira, Mana we, turagukengurukira+,
Kandi izina ryawe riri hafi+.
Abantu babwirizwa kumenyesha ibikorwa vyawe vy’akajoreza+.
2 “Kuko nafashe umwanya washinzwe+;
Jewe natanguye guca urubanza mu kugororoka+.
3 Isi n’abayibako bose vyarashonze+;
Ni je nabogoye inkingi zayo+.” Sela.
4 Nabwiye ibipfu nti: “Ntimube ibipfu+,”
Mbwira n’ababisha nti: “Ntimushire hejuru ihembe+.
5 Ntimushire ihembe ryanyu iyo hejuru.
Ntimuvugane izosi ry’akagaye+.
6 Kuko haba mu buseruko canke mu burengero,
Canke mu bumanuko, ata gushirwa hejuru kuvayo.
7 Kuko Imana ari yo mucamanza+.
Uyu irashira hasi, urya igashira hejuru+.
8 Kuko hari igikombe mu kuboko kwa Yehova+,
Kandi umuvinyu uriko urabimba ifuro; wuzuye ikivange.
Kandi vy’ukuri azosuka urutere rwawo ruve muri wo;
Ababisha bose bo kw’isi bazorwirangūza, barunywe+.”
9 Nayo jewe, nzobitangaza gushika igihe kitagira urugero;
Nzohibongoreza Imana ya Yakobo+.
10 “Kandi amahembe y’ababisha yose nzotemagura+.”
Amahembe y’umugororotsi azoshirwa hejuru+.