Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.
131 Ewe Yehova, umutima wanje ntiwagize ubwibone+,
Canke ngo amaso yanje yishire hejuru+;
Nta n’ubwo nagendeye mu bintu bihambaye kurenza+,
Canke mu bintu vy’agatangaza bindengeye+.
2 Ni ukuri, nahorosheje umutima wanje, ndawutururuza+
Kurya kw’umucuko kuri nyina+.
Umutima wanje umeze nk’umucuko kuri jewe+.
3 Isirayeli narindire Yehova+
Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.