Yobu
Igitigiri c’amezi yiwe kiba kiri iwawe.
Itegeko waramushiriyeho ngo ntarenge.
8 Umuzi waco niwasazira mw’ivu,
Igishitsi caco kigapfira mu mukungugu,
9 Nicumva akamoto k’amazi kizonaga+
Kandi kizozana koko ishami nk’igiterwa gishasha+.
10 Ariko umuntu w’umugabo arapfa, akarambarara yatsinzwe;
Umuntu yakuwe mw’ivu aracikana, kandi ari hehe+?
12 N’umuntu nyene abwirizwa kurambarara ntavyuke+.
Ntibazokwikangura gushika ijuru ritakiriho+,
Eka ntibazovyurwa ngo bave mw’itiro ryabo+.
14 Umuntu w’umugabo apfuye, yosubira kubaho+?
Mu misi yose y’igikorwa canje c’umuruho nzorindira+,
Gushika ugutabarwa kwanje kuje+.
18 Ariko umusozi utemvye uzoyama,
Mbere n’igitandara kizokwimurwa mu kibanza caco.
19 Amazi arakūba mbere n’amabuye;
Ukurundumuka kwayo kurakukumura umukungugu w’isi.
Ukwo ni ko wasenyuye icizigiro c’umuntu buntu.
21 Abana biwe baraterwa iteka, ariko ntabimenya+;
Baracika abantu ata co bavuze, mugabo ntabazirikana.
22 Inyama z’umubiri wiwe zizoguma zimusasata zikiri kuri we,
Kandi umutima wiwe uzoguma ugandaye ukiri muri we.”