116 Nduzura urukundo, kuko Yehova yumva+
Ijwi ryanje, ukwinginga kwanje+.
2 Kuko yanteze ugutwi+,
Kandi mu misi yanje yose, nzohamagara+.
3 Imigozi y’urupfu yarankikuje+,
Amarushwa y’ukuzimu yaranshikiriye+.
Naguma nshikirwa n’amarushwa be n’intuntu+.
4 Mugabo nambaje izina rya Yehova+ nti:
“Aaa! Yehova we, kiza ubuzima bwanje+!”
5 Yehova ni umunyempuhwe n’umugororotsi+;
Kandi Imana yacu ni Imana igira imbabazi+.
6 Yehova ararinda abantu batazi utuntu n’utundi+.
Nari nifumbereje, na we arankiza+.
7 Mutima wanje, subira ahantu hawe h’ukuruhukira+,
Kuko Yehova ubwiwe yagukoreye ibibereye+.
8 Kuko watabaye ubuzima bwanje ukabukiza urupfu+,
Ijisho ryanje ukarikiza amosozi, ikirenge canje ukagikiza gutsitara+.
9 Nzogendera+ imbere ya Yehova mu bihugu vy’abazima+.
10 Narizeye+, kuko navuze+.
Jewe nari mu marushwa menshi.
11 Jewe, igihe nari nataye umutwe, navuze+ nti:
“Umuntu wese ni umubeshi+.”
12 Nzokwishura iki Yehova+
Ku vyiza vyose angirira+?
13 Nzotora igikombe c’ubukiriro buhambaye+,
Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+.
14 Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,
Egome, imbere y’abantu biwe bose.
15 Urupfu rw’intahemuka za Yehova
Ni urw’agaciro mu maso yiwe+.
16 Aaa! Ewe Yehova+,
Erega ndi umusavyi wawe+.
Ndi umusavyi wawe, umwana w’umushumbakazi wawe+.
Watekuruye imizana yanje+.
17 Nzogushikanira ikimazi c’ugukenguruka+,
Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+.
18 Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,
Egome, imbere y’abantu biwe bose+,
19 Mu bigo vy’inzu ya Yehova+,
Hagati muri wewe, ewe Yeruzalemu+!
Shemeze Ya+!