Mariko
13 Igihe yariko arasohoka ava mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe amubwira ati: “Mwigisha, raba aya mabuye ingene ameze n’izi nyubakwa ingene zimeze+!” 2 Ariko Yezu amubwira ati: “Urabona izo nyubakwa zihambaye+? Nta buye rizogenda risigaye aha rigeretse ku rindi+ ridasenyuriwe hasi+.”
3 Yicaye ku Musozi w’Imyelayo aho abona urusengero, Petero+ na Yakobo na Yohani na Andereya batangura kumubaza mu mwiherero bati+: 4 “Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso igihe ivyo bintu vyose bizoba bigira bishike ku nsozero+?” 5 Yezu rero atangura kubabwira ati: “Mwiyubare ntihagire uwubazimiza+. 6 Benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ndi we,’ kandi bazozimiza benshi+. 7 Vyongeye, nimwumva intambara n’amakuru y’intambara, ntimuze mutekerwe n’ubwoba; ivyo bitegerezwa kuba, mugabo iherezo ntirizoba riragera+.
8 “Kuko ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami+; hazoba vya nyamugigima+, biva hamwe bija ahandi; hazoba amapfa+. Ivyo bizoba ari intango y’ububabare nk’ubw’ibise+.
9 “Nayo mwebwe, mwiyubare; bazobashengeza mu masentare+, kandi muzokubitirwa mu masinagogi+ mwongere muhagarikwe imbere ya ba buramatari n’abami babampora, kugira bibe intahe kuri bo+. 10 Vyongeye, mu mahanga yose inkuru nziza+ itegerezwa kubanza kwamamazwa+. 11 Mugabo igihe bazoba babashoreye ngo babashengeze, ntimuze mwiganyire imbere y’igihe ku vyo muzovuga+; mugabo ico muzohabwa cose muri iyo saha, kizobe ari co muvuga, kuko atazoba ari mwebwe muvuga, mugabo azoba ari impwemu nyeranda+. 12 Ikigeretseko, umuntu azotanga mwene wabo ngo yicwe, na se azotanga umwana+, n’abana bazokurira hasi abavyeyi, babicishe+; 13 kandi muzokwankwa n’abantu bose babahora izina ryanje+. Mugabo uwihanganye gushika kw’iherezo+ ni we azokizwa+.
14 “Ariko nimwabona ca kintu gisesemye+ giteza ubugesera+ gihagaze aho kitari gikwiye guhagarara (umusomyi nakoreshe ugutahura+), abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+. 15 Uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze amanuke, canke ngo yinjire kugira ico atoye mu nzu yiwe+; 16 kandi uwuzoba ari mw’itongo ntaze agaruke ku bintu vyasigaye inyuma ngo atore impuzu yiwe yo hejuru+. 17 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! 18 Mugume musenga ngo ntibizobe mu rushana+; 19 kuko iyo misi izoba ari iy’amakuba+ atigeze abaho kuva mu ntango y’ibiremwa Imana yaremye gushika ico gihe, kandi atazokwongera kubaho+. 20 Nkako, iyo Yehova+ atagerura iyo misi, nta gifise umubiri cokize. Mugabo ku bw’abatowe+ yatoye+, yarageruye iyo misi+.
21 “Maze kandi nihagira uwubabwira ati: ‘Ehe Kristu ari ng’aha,’ ‘Ehe ari hariya+,’ ntimuze muvyemere+. 22 Kuko ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma bazohaguruka+, kandi bazokora ibimenyetso n’ibitangaza+ kugira ngo, nivyashoboka, bahuvye n’abatowe+. 23 Mwebwe rero, mube maso+; ndababwiye vyose imbere y’igihe+.
24 “Mugabo muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzotanga umuco wakwo, 25 n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa+. 26 Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aza mu bicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. 27 Maze azotuma abamarayika, akoranirize hamwe abatowe biwe+ bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru+.
28 “Nimufatire rero ku giti c’umusukoni, muhigire iki kigereranyo: Iyo ishami rikiri rito ryaco rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya ko ici* riri hafi+. 29 Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye ko ari hafi, ku miryango+. 30 Ni ukuri, ndababwiye yuko iri yaruka ritazogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye+. 31 Ijuru+ n’isi bizovaho, mugabo amajambo yanje+ ntazovaho+.
32 “Nayo ivy’uwo musi canke isaha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika mw’ijuru canke Umwana, atari Data+. 33 Mugume mureretse, mugume murikanuye+, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera+. 34 Bimeze nk’umuntu afashe urugendo aja mu mahanga+ agasiga inzu yiwe, agaha ububasha abashumba biwe, umwe wese akamuha igikorwa ciwe, hanyuma agategeka umurinzi w’umuryango kuguma ari maso. 35 Nuko rero mugume muri maso+, kuko mutazi igihe nyen’urugo azozirako, namba azoza buhwibiriye canke mu gicugu canke mu nkoko canke mu gatondo ka kare+; 36 kugira ngo niyashika giturumbuka, ntasange musinziriye+. 37 Mugabo ico ndababwiye, ndakibwiye bose: Mugume muri maso+.”