Matayo
24 Hanyuma Yezu afata inzira aragenda avuye mu rusengero, mugabo abigishwa biwe baramwegera ngo bamwereke inyubakwa z’urusengero+. 2 Na we ababwira ati: “Ntimubona ivyo vyose? Ni ukuri ndabibabwiye: Nta buye rizogenda risigaye aha rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+.”
3 Yicaye ku musozi w’Imyelayo, abigishwa baramwegera biherereye, bamubwira bati: “Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba*+ kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi+?”
4 Yezu abishura ati: “Mwiyubare ntihagire uwubazimiza+; 5 kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristu,’ kandi bazozimiza benshi+. 6 Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara; muze murabe ntimutekerwe n’ubwoba. Kuko ivyo bitegerezwa kuba, mugabo iherezo ntirizoba riragera+.
7 “Kuko ihanga rizohagurukira irindi hanga+, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami+, kandi hazoba amapfa+ na vya nyamugigima+, biva hamwe bija ahandi. 8 Ivyo bintu vyose bizoba ari intango y’ububabare nk’ubw’ibise.
9 “Maze bazobashira mu makuba+, babice+, kandi muzokwankwa+ n’amahanga yose muhorwa izina ryanje+. 10 Maze kandi benshi bazotsitara+, bagurane bongere bankane+. 11 Kandi abahanuzi b’ikinyoma+ benshi bazohaguruka bazimize benshi+; 12 kandi kubera ukwongerekana kw’ubugarariji+, urukundo rwa benshi ruzokanya+. 13 Mugabo uwihanganye+ gushika kw’iherezo ni we azokizwa+. 14 Kandi iyi nkuru nziza+ y’ubwami+ izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose+; maze iherezo+ rizoca riza.
15 “Nimwabona rero ca kintu gisesemye+ giteza ubugesera, nk’uko cavuzwe biciye kuri Daniyeli umuhanuzi, gihagaze ahantu heranda+ (umusomyi nakoreshe ugutahura), 16 abari i Yudaya bazoce batangura guhungira+ mu misozi. 17 Uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze amanuke gutora ibintu mu nzu yiwe; 18 kandi uwuzoba ari mw’itongo ntaze agaruke i muhira gutora impuzu yiwe yo hejuru. 19 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! 20 Mugume musenga ngo uguhunga kwanyu ntikuzobe mu rushana, canke ku musi w’isabato; 21 kuko ico gihe hazoba amakuba akomeye+ atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu+, kandi atazokwongera kubaho. 22 Nkako, iyo misi iyaba itogeruwe, nta gifise umubiri cokize; mugabo ku bw’abatowe+, iyo misi izogerurwa+.
23 “Maze nihagira uwubabwira ati: ‘Ehe Kristu ari ng’aha+,’ canke ‘Hariya!’, ntimuze muvyemere+. 24 Kuko ba Kristu b’ikinyoma+ n’abahanuzi b’ikinyoma+ bazohaguruka, kandi bazokora ibimenyetso+ n’ibitangaza bikomeye kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe+. 25 Ehe mbaye ndababurira+. 26 Abantu nibababwira rero bati: ‘Ehe ari mu gahinga,’ ntimuze mugende; ‘Ehe ari mu vyumba vy’ahiherereye,’ ntimuze muvyemere+. 27 Kuko nk’uko umuravyo+ urabiriza mu buseruko ugakayangana gushika mu burengero, ni ko n’ukuhaba* kw’Umwana w’umuntu kuzomera+. 28 Aho hose umuvyimba uzoba uri, ni ho inkona+ zizokoranira+.
29 “Buno nyene inyuma y’ayo makuba yo muri iyo misi, izuba rizocura umwiza+, n’ukwezi+ ntikuzotanga umuco wakwo, n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa+. 30 Maze ikimenyetso c’Umwana w’umuntu+ kizoboneka mw’ijuru, maze imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza iboroga+, kandi bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. 31 Na we azotuma abamarayika biwe n’ijwi ry’urumbete rikomeye+, bakoranirize hamwe abatowe biwe+ bo muri ya miyaga ine*+, kuva ku mpera imwe y’ijuru gushika ku yindi.
32 “Nimufatire rero ku kigereranyo c’igiti c’umusukoni, muhigire iki kintu: Iyo ishami ryaco rikiri rito rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya yuko ici* riri hafi+. 33 Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku miryango+. 34 Ni ukuri, ndababwiye yuko iri yaruka+ ritazogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye. 35 Ijuru n’isi bizovaho+, mugabo amajambo yanje ntazogenda avuyeho+.
36 “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha+, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa+. 37 Kuko nk’uko imisi ya Nowa+ yari imeze, ni ko n’ukuhaba* kw’Umwana w’umuntu kuzomera+. 38 Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa+ yinjiriye mu bwato+, 39 ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose+, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. 40 Maze abagabo babiri bazoba bari mu murima: umwe azojanwa, uwundi na we arekwe; 41 abagore babiri bazoba bariko barasyera ku rusyo rw’amaboko+: umwe azojanwa, uwundi na we arekwe+. 42 Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako+.
43 “Mugabo mumenye ikintu kimwe: iyaba nyen’urugo yari azi iterama igisuma coziyemwo+, yogumye arikanuye ntareke ngo inzu yiwe imenwe. 44 Ku bw’ivyo, na mwebwe nyene mwame mwiteguye+ kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.
45 “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge+ shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye+? 46 Hahiriwe+ uwo mushumba shebuja niyashika azosanga ariko akora atyo! 47 Ni ukuri ndabibabwiye: Azomuzeza ivyo atunze vyose+.
48 “Mugabo uwo mushumba mubi niyaramuka yibwiye mu mutima wiwe+ ati: ‘Databuja aratevye+,’ 49 agatangura gukubita abashumba bagenziwe no kurya no kunywa asangira n’imborerwa katwa, 50 shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atiteze+ no kw’isaha atazi, 51 kandi azomuhana bimwe vya ruhasha*+, amusangize umugabane wiwe n’abiyorobetsi. Aho ni ho hazoba ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo+.