Matayo
20 “Kuko ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu, nyen’urugo, yasohotse mu gatondo ka kare akaja kurondera abakozi bo gukora mu murima wiwe w’imizabibu+. 2 Amaze kwumvikana na nya bakozi idenariyo ku musi+, abarungika mu murima wiwe w’imizabibu. 3 Yongera arasohoka nko kw’isaha ya gatatu+, abona abandi bahagaze mu kaguriro+ ata kazi bafise; 4 abo na bo ababwira ati: ‘Na mwebwe, nimuje mu murima w’imizabibu, igikwiriye cose ndakibaha.’ 5 Nuko baragenda. Arongera arasohoka nko kw’isaha ya gatandatu+ no kw’isaha y’icenda+, agira kuno. 6 Ubwa nyuma, nko kw’isaha y’icumi na rimwe arasohoka, asanga hari abandi bahagaze, ababwira ati: ‘Ni kubera iki mumaze umusi wose muhagaze ng’aha ata co mukora?’ 7 Bamubwira bati: ‘Ni kubera ko ata waduhaye akazi.’ Ababwira ati: ‘Na mwebwe nimuje mu murima w’imizabibu+.’
8 “Bugorovye+, nyen’umurima w’imizabibu abwira uwubijejwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahe impembo yabo+, uva ku wa nyuma uja ku wa mbere.’ 9 Aho ba bantu bo kw’isaha y’icumi na rimwe baziye, umwe wese aronka idenariyo. 10 Nuko, aba mbere baje, biyumvira ko boronse ibiruta ivyo; mugabo na bo nyene baronka umwumwe idenariyo. 11 Bayironse batangura kwidodombera nyen’urugo+ 12 bati: ‘Aba ba nyuma bakoze isaha imwe; yamara wabanganishije natwe twikoreye umuzigo w’umusi wose n’ubushuhe buturira!’ 13 Mugabo yishura umwe muri bo ati: ‘Mugenzi, sinkurenganije. None ntitwumvikanye ko nguhemba idenariyo+? 14 Tora ivyawe ugende. Nshaka guha uyu wa nyuma nk’ivyo nguhaye+. 15 None sinemerewe gukoresha ivyanje uko nshaka? Canke ugize ijisho ribi+ kubera ko ndi umuntu mwiza+?’ 16 Ukwo ni ko aba nyuma bazoba aba mbere, aba mbere na bo bakaba aba nyuma+.”
17 Buno Yezu agira aduge i Yeruzalemu, atwara bamwe cumi na babiri+ arabihereranya, ababwirira mu nzira ati: 18 “Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, bamucire urwo gupfa+, 19 bamugabure mu maboko y’abanyamahanga kugira ashinyagurizwe, ashishagurwe yongere amanikwe+, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa+.”
20 Maze nyina w’abahungu ba Zebedayo+ aramwegera ari kumwe n’abahungu biwe, yikubita imbere yiwe ngo amusabe ikintu+. 21 Yezu amubwira ati: “Ushaka iki?” Nya mugore amubwira ati: “Rivuge aba bahungu banje babiri bazokwicare, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu bwami bwawe+.” 22 Yezu yishura ati: “Mwebwe ntimuzi ico muriko murasaba. Ubwo mwoshobora kunywa igikombe+ ngira nywe?” Bamubwira bati: “Twobishobora.” 23 Ababwira ati: “Igikombe canje muzokinywa koko+, mugabo ivy’ukwo kwicara iburyo bwanje n’ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange, ahubwo ni ivy’abo Dawe yabiteguriye+.”
24 Aho bamwe cumi bandi bavyumviye, bashavurira abo babiri bavukana+. 25 Mugabo Yezu arabahamagara ngo baze kuri we, avuga ati: “Murazi yuko abatware b’amahanga bayakandamiza be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha+. 26 Ukwo si ko bimeze muri mwebwe+; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 27 kandi uwo wese ashaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wanyu+. 28 Nk’uko Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi+, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu* ya benshi+.”
29 Igihe bariko bava i Yeriko+, isinzi rinini riramukurikira. 30 Maze hari impumyi zibiri zari zicaye iruhande y’inzira; aho zumviye yuko Yezu ariko ararengana, zirasemerera ziti: “Mukama, tugirire imbabazi, Mwana wa Dawidi+!” 31 Mugabo nya sinzi rizibwira rizikarira ngo zicereze; yamara zirushirizaho gusemerera cane, ziti: “Mukama, tugirire imbabazi, Mwana wa Dawidi+!” 32 Yezu arahagarara, arazihamagara, avuga ati: “Mushaka ndabagirire iki?” 33 Zimubwira ziti: “Mukama, amaso yacu nahumuke+.” 34 Yezu bimutera ikigongwe, akora ku maso yabo+, buno nyene baca barabona, hanyuma baramukurikira+.