1 Abakorinto
15 Nanje rero ga bene wacu, ndabamenyesha inkuru nziza+ nabamenyesheje+, iyo kandi mwakiriye, ari na yo kandi muhagazemwo+, 2 biciye kuri yo mukaba kandi muriko murakizwa+, biciye kw’ijambo nabamenyeshejemwo inkuru nziza, nimba muyumirako, kiretse nimba vy’ukuri mwemereye ubusa+.
3 Kuko mu bintu vya mbere nabahereje, harimwo ico nanje nahawe+, yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga+; 4 kandi yuko yahambwe+, egome, yuko yazuwe+ ku musi ugira gatatu+ nk’uko Ivyanditswe bivuga+; 5 be n’uko yiyeretse Kefa+, hanyuma bamwe cumi na babiri+. 6 Inyuma y’ivyo yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe, benshi muri bo bakaba bakiriho n’ubu+, mugabo bamwe barasinziriye mu rupfu. 7 Mu nyuma yariyeretse Yakobo+, maze yiyereka intumwa zose+; 8 mugabo inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse+ nk’aho yiyeretse uwavutse atageze.
9 Kuko ndi uwo hanyuma+ y’izindi ntumwa, kandi simbereye no kwitwa intumwa, kuko nahamye+ ishengero ry’Imana. 10 Mugabo bivuye ku buntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana, ubu ndi ico ndi. Kandi ubuntu ata wari abukwiriye bwayo nagiriwe ntibwabaye impfagusa+, mugabo narabize akuya kubarusha bose+, yamara si jewe ahubwo ni ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana buri kumwe nanje+. 11 Ariko yaba jewe canke bo, ni ko twamamaza kandi ni ko namwe mwemeye+.
12 Nimba rero Kristu ariko yamamazwa yuko yazuwe mu bapfuye+, bishoboka bite ngo bamwe muri mwebwe bavuge ko ata zuka ry’abapfuye ririho+? 13 Nimba vy’ukuri ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu rero ntiyazuwe+. 14 Mugabo nimba Kristu atazuwe, igikorwa cacu c’ukwamamaza ni ic’ubusa vy’ukuri, n’ukwizera kwacu ni ukw’ubusa+. 15 Vyongeye, duca tuba ivyabona vy’Imana vy’ikinyoma+, kuko twashingiye intahe+ Imana yuko yazuye Kristu+ kandi itamuzuye, nimba vy’ukuri abapfuye batazurwa+. 16 Kuko nimba abapfuye batazurwa, na Kristu ntiyazuwe. 17 Bitayeko, nimba Kristu atazuwe, ukwizera kwanyu nta co kumaze; muracari mu bicumuro vyanyu+. 18 Kandi vyongeye, abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe+ na Kristu boba bagiye akagirire+. 19 Nimba muri ubu buzima honyene ari ho twizigiye Kristu+, turateye ikigongwe kuruta abandi bose.
20 Ariko noneho Kristu yarazuwe mu bapfuye+, aba umushuzo+ w’abasinziriye mu rupfu+. 21 Kubera ko urupfu+ rwazananye ku muntu, n’izuka+ ry’abapfuye ryazananye ku muntu. 22 Kuko nk’uko muri Adamu bose bapfa+, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima+. 23 Mugabo umwe wese mu mwanya wiwe bwite: Kristu ni we mushuzo+, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukuhaba* kwiwe+. 24 Hanyuma hazoba iherezo, aho azoshikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se, niyamara guhindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose+. 25 Kuko ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe+. 26 Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho+. 27 Kuko Imana “yashize ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.” Mugabo igihe ivuga ko ‘ibintu vyose vyatanzwe ngo biganzwe+,’ biraboneka yuko hatarimwo umwe yamuha vyose ngo abiganze+. 28 Mugabo igihe ibintu vyose azoba yabihawe ngo abiganze+, ni ho Umwana ubwiwe na we azoyoboka akaganzwa n’Uwamuhaye+ kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku muntu wese+.
29 Ahandiho, bazogira bate, ababatizwa kugira babe abapfuye+? Nimba abapfuye batazogenda bazuwe+, kubera iki none babatizwa+ kugira babe abapfuye? 30 Kubera iki kandi twama mu kaga buri saha+? 31 Ku musi ku musi ndahangana n’urupfu+. Ivyo ndavyemeza mfatiye ku mwigino+ mfise kubera mwebwe, bene wacu, umwigino mfise muri Kristu Yezu Umukama wacu. 32 Nimba cokimwe n’abantu nararwaniye n’ibikoko i Efeso+, bimariye iki? Nimba abapfuye batazurwa, “twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa+.” 33 Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza+. 34 Nimwikangure mugarure ubwenge+ mu buryo bw’ubugororotsi kandi ntimuze muracumura, kuko bamwe batazi Imana+. Ndiko mvuga ukwo ngo ndabatere kumaramara+.
35 Yamara rero, hari uwovuga ati: “None abapfuye bazurwa bate? Mbega nyene baza bafise umubiri bwoko ki+?” 36 Wa mburabwenge we! Ico ubivye ntikigirwa kizima kitabanje gupfa+; 37 nayo ku vyerekeye ico ubiba, ntubiba umubiri uzokura, ahubwo ubiba urutete rugaragara+, rugashobora kuba urw’ingano canke urwo ari rwo rwose mu zindi; 38 mugabo Imana iraruha umubiri+ nk’uko biyihimbaye+, rumwe rwose muri izo mbuto rugahabwa umubiri warwo bwite. 39 Inyama zose si zimwe, mugabo hari iy’abantu, hakaba n’iyindi nyama y’ibitungwa, n’iyindi nyama y’inyoni, n’iyindi y’ifi+. 40 Kandi hariho imibiri yo mw’ijuru+, n’imibiri yo kw’isi+; mugabo ubuninahazwa+ bw’imibiri yo mw’ijuru ni ubwoko bumwe, ubw’imibiri yo kw’isi na bwo bukaba ubundi bwoko. 41 Ubuninahazwa bw’izuba+ buri ukwabwo, n’ubuninahazwa bw’ukwezi+ buri ukwabwo, n’ubuninahazwa bw’inyenyeri+ buri ukwabwo; mu vy’ukuri inyenyeri iratandukanye n’iyindi mu buninahazwa.
42 N’izuka ry’abapfuye ni ukwo+. Ubibwa mu kubora, uzurwa mu kutabora+. 43 Ubibwa mu gateterwe+, ukazurwa mu buninahazwa+. Ubibwa mu bugoyagoye+, ukazurwa mu bubasha+. 44 Ubibwa ari umubiri w’inyama+, ukazurwa ari umubiri w’impwemu+. Nimba hariho umubiri w’inyama, hariho n’uw’impwemu. 45 Mbere ni ko vyanditswe ngo: “Umuntu wa mbere Adamu yacitse umuntu* muzima+.” Adamu wa nyuma yacitse impwemu+ itanga ubuzima+. 46 Yamara rero, ica mbere si ic’impwemu, mugabo ni ic’inyama, hanyuma haba ic’impwemu+. 47 Umuntu wa mbere yavuye mw’isi akaba akozwe mu mukungugu+; umuntu wa kabiri yavuye mw’ijuru+. 48 Nk’uko uwukozwe mu mukungugu+ ari, ni ko n’abakozwe mu mukungugu bari; kandi nk’uko uwo mw’ijuru+ ari, ni ko n’abo mw’ijuru bari+. 49 Kandi nk’uko twambaye ishusho+ y’umwe akozwe mu mukungugu, tuzokwambara n’ishusho+ y’uwo mw’ijuru.
50 Ariko ico mvuga ni iki, bene wacu: yuko inyama n’amaraso bidashobora gutorana ubwami bw’Imana+, eka n’ukubora ntigutorana ukutabora+. 51 Ehe ndababwira ibanga ryeranda: Ntituzosinzira mu rupfu twese, mugabo tuzohindurwa twese+, 52 mu kanya gato, mu kanya nk’ako kuvuna urugohe, mu gihe c’urumbete rwa nyuma. Kuko urumbete+ ruzovuga, abapfuye bakazurwa badashobora kubora, natwe tukazohindurwa. 53 Kuko iki kibora gitegerezwa kwambara ukutabora+, kandi iki gipfa+ kigategerezwa kwambara ukudapfa. 54 Mugabo iki kibora nicambara ukutabora, kandi iki gipfa kikambara ukudapfa, ni ho hazoranguka rya jambo ryanditswe ngo: “Urupfu+ ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+.” 55 “Rupfu we, intsinzi yawe iri he? Rupfu we, uruboyi rwawe ruri he+?” 56 Uruboyi+ ruzana urupfu ni igicumuro, mugabo ububasha bw’igicumuro ni Itegeko+. 57 Ariko hashimirwe Imana, kuko iduha intsinzi biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+!
58 Nuko rero, bene wacu bakundwa, mube abashikamye+, mutanyiganyiga, mwama mufise vyinshi mukora mu gikorwa c’Umukama+, muzi yuko ukubira akuya kwanyu atari ukw’ubusa+ mu Mukama.