Yakobo
2 Bene wacu, mbega mugira ngo muriko muragumya ukwizera kw’Umukama wacu Yezu Kristu, we buninahazwa bwacu+, mu kugira nkunzi+? 2 Kuko, iyo umuntu w’impeta z’inzahabu ku ntoke kandi yambaye ivyambarwa vyakaka yinjiye mw’ikoraniro+ ryanyu, mugabo umworo yambaye ivyambarwa bicafuye na we akinjira+, 3 yamara mukaraba ryiza+ umwe yambaye ivyambarwa vyakaka, mukavuga muti: “Wewe icara ng’aha mu kibanza ciza,” hanyuma mukabwira nya mworo ngo: “Wewe guma uhagaze,” canke ngo: “Icara harya munsi y’intebe y’ibirenge vyanje,” 4 murasumbanya abantu muri mwebwe+, kandi mwacitse abacamanza+ bapfundika ingingo mbi+, si ko none?
5 Nimwumvirize, bene wacu bakundwa. Mbega Imana ntiyatoye aboro+ mu vy’isi ngo babe abatunzi+ mu kwizera na ba samuragwa b’ubwami, ubwo yasezeraniye abayikunda+? 6 Mugabo mwebwe mwaratetereje umworo. Mbega abatunzi si bo babahahaza+, vyongeye bakababuruta babajana imbere y’amasentare+? 7 Mbega si bo barogota+ kuri rya zina ryiza mwitirirwa+? 8 Nimba rero mushitsa neza rya tegeko ry’i bwami+ nk’uko icanditswe kivuga, ngo: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+,” muriko mugira neza cane. 9 Mugabo nimba mubandanya kugira nkunzi+, muriko mukora igicumuro, kuko mukangirwa n’itegeko+ nk’abarenga itegeko.
10 Kuko uwo wese yubahiriza Itegeko ryose mugabo agatirimuka mu kintu kimwe, aba ayacumuyeko yose+. 11 Kuko uwavuze ati: “Ntukarenge ibigo+,” yavuze kandi ati: “Ntukice+.” Nimba rero utarenga ibigo mugabo ukica, uba ucitse uwurenga itegeko. 12 Mugume muvuga kandi mukora nk’abazocirwa urubanza n’itegeko ry’igisata c’abantu bidegemvya+. 13 Kuko uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi+. Imbabazi zirihaya ku rubanza zigina intsinzi.
14 Bimaze iki ga bene wacu, nimba hari uwuvuga ko afise ukwizera+ mugabo adafise ibikorwa+? Mbega ukwo kwizera kurashobora kumukiza+? 15 Nimba mwene wacu canke mushiki wacu ari gusa kandi akenye ibifungurwa bikwiranye n’umusi+, 16 yamara uwo muri mwebwe akamubwira ati: “Genda amahoro, ugume ususurutse kandi urya neza,” mugabo ntimumuhe ivyo umubiri wiwe ukeneye, bimaze iki+? 17 N’ukwizera nyene, iyo kudafise ibikorwa+, ubwakwo kuba gupfuye.
18 Yamara rero, hari uwovuga ati: “Wewe ufise ukwizera, nanje mfise ibikorwa. Nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje nkwereke ukwizera kwanje biciye ku bikorwa vyanje+.” 19 Uremera ko hari Imana imwe+, si ko? Ugira neza cane. Yamara amadayimoni* na yo aravyemera kandi agahinda agashitsi+. 20 Mugabo urashaka kumenya ga yewe muntu ata co urimwo, yuko ukwizera kutagira ibikorwa ata co gukora? 21 Mbega Aburahamu data+ ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye gushikana Izahaki umuhungu wiwe ku gicaniro*+? 22 Urabona ko ukwizera kwiwe kwakoranye n’ibikorwa vyiwe kandi biciye ku bikorwa vyiwe ukwizera kwiwe kukagirwa ukutagira akanenge+, 23 kandi icanditswe cararangutse, kimwe kivuga ngo: “Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi+,” araheza yitwa “umugenzi wa Yehova+.”
24 Murabona ko umuntu yitwa umugororotsi+ bivuye ku bikorwa+, bitavuye ku kwizera kwonyene+. 25 Muri ubwo buryo nyene, mbega Rahabu+ wa mumaraya we ntiyiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa, aho amariye kwakira neza za ntumwa hanyuma akazirungika azicishije mu yindi nzira+? 26 Egome, nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye+, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye+.