Ku biraba Salomo.
72 Ewe Mana, nuhe umwami ingingo zawe z’ubutungane+,
Uhe ubugororotsi bwawe umwana w’umwami+.
2 Naburanire abantu bawe yisunze ubugororotsi+,
N’abarushwa bawe yisunze ingingo y’ubutungane+.
3 Imisozi nishīre abantu amahoro+,
N’imirambi nyene, biciye ku bugororotsi.
4 Nacire urubanza abarushwa bo mu bantu+,
Nakize abana b’umworo,
Ajanjagure umugunzi.
5 Bazogutinya igihe cose hazoba hakiriho izuba+,
N’imbere y’ukwezi, uko iyaruka rikurikira irindi+.
6 Azomanuka nk’imvura ku vyatsi bitemwe+,
Nk’imicuncubuko y’imvura itotesha isi+.
7 Mu misi yiwe umugororotsi azonaga+,
Kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho+.
8 Azogira abatwarwa kuva ku kiyaga gushika ku kindi+,
No kuva kuri rwa Ruzi+ gushika ku mpera z’isi+.
9 Imbere yiwe ababa mu turere tugadutse bazokwunama+,
Kandi abansi biwe bazorigata umukungugu+.
10 Abami ba Tarushishi n’ab’amazinga+—
Bazoriha ikibuguro+.
Abami ba Sheba n’aba Seba—
Bazoshikana ituro+.
11 Abami bose bazomukubitira inkoro hasi+;
Nayo amahanga yose azomukorera+.
12 Kuko azorokora umworo atabaza+,
N’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha+.
13 Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo+,
Kandi ubuzima bw’aboro azobukiza+.
14 Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi,
Kandi amaraso yabo azoba ay’agaciro mu maso yiwe+.
15 Niyibereho+, kandi ahabwe ku nzahabu z’i Sheba+.
Nasengerwe nantaryo;
Nahezagirwe burinde bwira+.
16 Hazoba umukimba w’intete kw’isi+;
Kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara+.
Ivyamwa vyiwe bizoba nk’i Libani+,
Kandi abo mu gisagara bazoshurika nk’ibimera vyo kw’isi+.
17 Izina ryiwe niribeho gushika igihe kitagira urugero+;
Imbere y’izuba izina ryiwe nirisagambe,
Kandi biciye kuri we biheshe umuhezagiro+;
Amahanga yose namwite umuhirwe+.
18 Hahezagirwe Yehova Imana, ya Mana ya Isirayeli+,
We wenyene akora ibikorwa vy’agatangaza+.
19 Izina ryiwe rininahaye nirihezagirwe gushika igihe kitagira urugero+,
Ubuninahazwa bwiwe bwuzure isi yose+.
Amen kandi Amen.
20 Amasengesho ya Dawidi, mwene Yese+, ararangiye.