2 Timoteyo
2 Wewe rero, mwananje+, guma wironsa ububasha+ mu buntu ata wari abukwiriye+ bujanye na Kristu Yezu, 2 kandi ibintu wanyumvanye bishigikiwe n’ivyabona vyinshi+, ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa, abazoheza bakaba abakwije neza ibisabwa kugira bigishe abandi+. 3 Bwa musoda mwiza+ wa Kristu Yezu, wemere umugabane wawe mu kwihanganira imibabaro+. 4 Nta muntu akora nk’umusoda+ aja mu vy’urucuruza vyo mu buzima+, kugira ngo ashimwe n’uwamwanditse ngo abe umusoda. 5 Vyongeye, mbere n’uwuhiganwa mu nkino+ ntiyambikwa urugori kiretse yahiganywe akurikije amategeko. 6 Umurimyi akora cane ni we ategerezwa kuba uwa mbere mu kuronka ku vyeze+. 7 Ugume uzirikana ku vyo mvuga; Umukama azoguha vy’ukuri ugutahura+ muri vyose.
8 Wibuke ko Yezu Kristu yazuwe mu bapfuye+ kandi ko yari uwo mu ruvyaro* rwa Dawidi+, nk’uko inkuru nziza namamaza iri+; 9 ku bwayo ndiko nihanganira imibabaro kugeza no ku mvuto+ nk’inkozi y’ikibi. Yamara rero, ijambo ry’Imana ntiriboshwe+. 10 Kubera ico, mbandanya kwihanganira ibintu vyose ku bw’abatowe+, ngo na bo baronke ubukiriro buboneka mu bumwe na Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa budahera+. 11 Iri jambo ni iryo kwizigirwa+: Mu vy’ukuri nimba twarapfanye na we, tuzobanaho kandi na we+; 12 nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we+; nitwamwihakana+, na we azotwihakana; 13 nimba turi abatizigirwa, we aguma ari umwizigirwa+, kuko adashobora kwihakana we nyene.
14 Guma ubibutsa+ ibi bintu, ubategeke+ imbere y’Imana nka yo cabona+, kutarwana bapfa amajambo+, kikaba ari ikintu ata na kimwe kimaze, kuko conona abumviriza. 15 Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe+, umukozi+ atagira ikimutetereza+, akoresha neza ijambo ry’ukuri+. 16 Mugabo uzibukire amajambo ata co arimwo asiga iceyi ibintu vyeranda+; kuko bazogenda barushiriza kutibanga Imana+, 17 kandi ijambo ryabo rizorandagata nk’igisebe kiboze+. Muri abo harimwo Himenayo na Fileto+. 18 Abo bantu nyene barataye ukuri+, bavuga ko izuka rimaze kuba+; kandi bariko baratembagaza ukwizera kwa bamwe+. 19 Ariko umushinge ukomeye w’Imana uguma uhagaze+, uriko iki kidodo, ngo: “Yehova arazi abiwe+,” kandi ngo: “Umuntu wese avuga izina rya Yehova+ avavanure n’ibitagororotse+.”
20 Mu nzu nini rero ntihabamwo gusa ivyombo vy’inzahabu n’ifeza, mugabo harabamwo n’ivy’ibiti n’ivy’ivu, bimwe bigakoreshwa ibiteye iteka mugabo ibindi bigakoreshwa ibitagira iteka+. 21 Umuntu rero niyitandukanya n’ivyo vya kabiri, azoba icombo gikoreshwa ibiteye iteka, cejejwe, c’ingirakamaro kuri nyeneco, giteguriwe igikorwa ciza cose+. 22 Hunga rero ivyipfuzo bijana n’ubuto+, mugabo ukurikirane ubugororotsi+, ukwizera, urukundo, amahoro+, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye+.
23 Bitayeko, wamirire kure ibibazo vy’ubupfu+ kandi vy’ukutamenya, uzi yuko bivamwo indwano+. 24 Mugabo umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana+, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose+, ashoboye kwigisha+, akaguma yiyumanganije mu mibabaro+, 25 akigisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye+; kuko kumbure Imana yobaha ukwigaya+ gushikana ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+, 26 bakagarura ubwenge bakava mu mutego+ wa Shetani*, kubera ko bafashwe na we ari bazima+ ku bw’ukugomba kw’uyo.