1 Yohani
4 Bakundwa, ntimwemere ijambo ry’irihumekano ryose+, mugabo mugeze amajambo y’amahumekano murabe ko akomoka ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.
2 Iki ni co mumenyerako ijambo ry’irihumekano riva ku Mana+: Ijambo ry’irihumekano ryose ryemera icese Yezu Kristu yuko yaje mu mubiri rikomoka ku Mana+, 3 mugabo ijambo ry’irihumekano ryose ritemera icese Yezu ntirikomoka ku Mana+. Ikigeretseko, iryo ni rya jambo ry’irihumekano rya antikristu mwumvise ko ryariko riraza+, ubu rikaba rimaze gushika mw’isi+.
4 Mwebwe mukomoka ku Mana, bana bato, kandi mwaratsinze abo bantu+, kuko uwunze ubumwe+ namwe aruta+ uwunze ubumwe n’isi+. 5 Bo bakomoka mw’isi+; ni co gituma bavuga ibiva mw’isi, kandi isi irabumviriza+. 6 Twebwe dukomoka ku Mana+. Uwumenye Imana aratwumviriza+; uwudakomoka ku Mana ntatwumviriza+. Ukwo ni ko tumenya ijambo ry’irihumekano ry’ukuri be n’ijambo ry’irihumekano ry’ubuzimire+.
7 Bakundwa, tubandanye gukundana+, kuko urukundo+ ruva ku Mana, kandi umuntu wese akundana yavutse ku Mana+ kandi aramenya Imana+. 8 Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari urukundo+. 9 Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye+, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege+ mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we+. 10 Muri ivyo urukundo ni uru: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko ari yo yadukunze igatuma Umwana wayo ngo abe ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+.
11 Bakundwa, nimba ukwo ari ko Imana yadukunze, natwe ubwacu tubwirizwa rero gukundana+. 12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Nimba tubandanya gukundana, Imana iguma muri twebwe n’urukundo rwayo rukagirwa urutagira akanenge muri twebwe+. 13 Iki ni co tumenyerako yuko tuguma twunze ubumwe+ na yo, na yo ikaguma yunze ubumwe natwe+, kuko yaduhaye impwemu yayo+. 14 Vyongeye, ubwacu twarabonye+ tukaba kandi turiko turashinga intahe+ yuko Data yatumye Umwana wiwe ngo abe Umukiza w’isi+. 15 Uwo wese yemera icese yuko Yezu Kristu ari Umwana w’Imana+, Imana iguma yunze ubumwe n’uyo, na we akaguma yunze ubumwe n’Imana+. 16 Kandi twebwe ubwacu twaramenye kandi twaremeye urukundo+ Imana idufitiye.
Imana ni urukundo+, kandi uwuguma mu rukundo+ aguma yunze ubumwe+ n’Imana, Imana na yo ikaguma yunze ubumwe na we. 17 Uku ni ko urukundo rwagizwe urutagira akanenge muri twebwe, kugira ngo tugire umwidegemvyo wo kuvuga+ ku musi w’urubanza+, kuko nk’uko urya ari, ni ko natwe ubwacu turi muri iyi si+. 18 Nta bwoba buba mu rukundo+, mugabo urukundo rutagira akanenge rurahindira hanze ubwoba+, kuko ubwoba butangira. Mu vy’ukuri, uwuguma mu bwoba ntiyagizwe uwutagira akanenge mu rukundo+. 19 Nayo twebwe, turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda+.
20 Iyo umuntu avuze ngo: “Ndakunda Imana,” yamara akaba yanka mwene wabo, aba ari umubeshi+. Kuko uwudakunda mwene wabo+ yabonye adashobora kuba akunda Imana atabonye+. 21 Kandi iri bwirizwa twarihawe na yo+: uwukunda Imana akwiye kuba akunda na mwene wabo+.