2 Petero
1 Jewe Simoni Petero, umushumba+ akaba n’intumwa+ ya Yezu Kristu, ndabandikiye mwebwe abaronse ukwizera, kakaba ari agateka kangana n’akacu+, biciye ku bugororotsi+ bw’Imana yacu n’ubw’Umukiza Yezu Kristu+:
2 Ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro vyongerezwe kuri mwebwe+ biciye ku bumenyi butagira amakosa+ bwerekeye Imana n’ubwerekeye Yezu Umukama wacu, 3 kuko ububasha bw’ubumana bwayo bwaduhaye ku buntu ibintu vyose vyerekeye ubuzima+ n’ukwihebera Imana+, biciye mu bumenyi butagira amakosa bwerekeye umwe yaduhamagara+ biciye mu buninahazwa+ n’ingeso nziza. 4 Biciye kuri ivyo bintu yaraduhaye ku buntu ya mihango y’agaciro kandi y’agahambaye+, kugira ngo biciye kuri yo mube abasangiye akamere+ k’Imana+, mukaba mwarakize ubwononekare buri mw’isi+ buva ku nambu ikomeye.
5 Egome, ku bw’iyo mvo nyene, namwe nimugire ico mushubijeyo mu kwihata mwivuye inyuma+: muronse ukwizera kwanyu ingeso nziza+, ingeso nziza zanyu muzironse ubumenyi+, 6 ubumenyi bwanyu muburonse ukwigumya, ukwigumya+ kwanyu mukuronse ukwihangana, ukwihangana kwanyu mukuronse ukwihebera Imana+, 7 ukwihebera Imana kwanyu mukuronse ukwiyumvamwo abavukanyi, ukwiyumvamwo abavukanyi mukuronse urukundo+. 8 Kuko nimba ivyo bintu biriho muri mwebwe kandi bigasesekara, bizobabuza kuba abantu badakora canke barumvye+ ku bijanye n’ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama wacu Yezu Kristu.
9 Kuko iyo umuntu adafise ivyo, aba ari impumyi, ahumiriza ngo amaso yiwe ntabone umuco+, kandi aba yibagiye+ uguhumanurwa+ kw’ibicumuro vyiwe vya kera. 10 Ku bw’ico ga bene wacu, murushirize gukora uko mushoboye kwose ngo mutume ihamagarwa+ ryanyu be n’itorwa+ ryanyu biba ibidakekeranywa kuri mwebwe; kuko nimwaguma mukora ivyo bintu mutazogenda muguye+. 11 Nkako, aho ni ho muzoronswa rwose ukwinjira+ mu bwami budahera+ bw’Umukama wacu n’Umukiza Yezu Kristu+.
12 Ku bw’ico, nzokwama niteguriye kubibutsa+ ivyo bintu, naho mubizi mukaba kandi mushinze imizi rwose mu kuri+ kuri muri mwebwe+. 13 Mugabo mbona ko bibereye, mu gihe nkiri muri iyi taberenakulo+, kubakangura mu kubibutsa+, 14 nzi yuko vuba igihe co kwambura itaberenakulo yanje kiri hafi+, nk’uko n’Umukama wacu Yezu Kristu yabinyeretse+. 15 Rero, nzokora kandi uko nshoboye kwose igihe cose kugira ngo, ninamara kugenda+, muze mushobore kuvyibukanya.
16 Oya, ntitwabamenyesheje ububasha n’ukuhaba vy’Umukama wacu Yezu Kristu+ twisunze inkuru z’ikinyoma+ zaremaremwe ku buhinga, ahubwo twabigize twisunze ukuba twariboneye ugukayangana kwiwe+. 17 Kuko yahawe n’Imana ari yo Data iteka n’ubuninahazwa+, hamwe amajambo nk’aya yayashikirizwa n’ubuninahazwa bw’agatangaza ngo: “Uyu ni umwana wanje, umukundwa wanje, uwo jewe nashimye+.” 18 Egome, ayo majambo twarayumvise+ azanwa ava mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi mweranda+.
19 Nuko rero, turafise ijambo ry’ubuhanuzi+ ryagizwe ntakekeranywa kuruta+; kandi muriko mugira neza kuryitwararika nk’itara+ rikayanganira ahantu h’umwiza, gushika umusi utamanzuye n’inyenyeri y’umutwenzi*+ igaseruka, mu mitima yanyu. 20 Kuko ubwa mbere ibi mubizi: yuko ata buhanuzi bw’Icanditswe buva ku vyiyumviro vy’umuntu ku giti ciwe+. 21 Kuko ubuhanuzi ata ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu+, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana+ nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda+.