5 Uzoheza uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: “Dawe yari Umwaramu+ abayeho aza arimuka. Yaragiye mu Misiri+ hanyuma abayo ari umunyamahanga, ari kumwe n’abantu bakeyi bo mu rugo rwiwe+. Ari ng’aho mu Misiri yaracitse ihanga rinini, rikomeye kandi rigizwe n’abantu benshi+.