-
Guharura 15:2-4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwamara gushika mu gihugu ngira ndabahe ngo mukibemwo+, 3 hanyuma mugaha Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro mukuye mu bitungwa kugira ribe akamoto kamotera neza* Yehova+ (ryaba ari ishikanwa riturirwa+, ikimazi co gushitsa indagano idasanzwe, ishikanwa mutanga muvyishakiye+ canke iryo mutanga mu biringo vy’imisi mikuru yanyu+), 4 uwuzoritanga akwiye kandi guha Yehova ishikanwa ry’intete rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze+, ivanze n’ica kane c’ingero ya hini* y’amavuta.
-