-
Kuvayo 29:19, 20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Mu nyuma uzotora ya mpfizi y’intama isigaye, Aroni n’abahungu biwe bayirambikeko ibiganza ku mutwe+. 20 Uzokerera iyo mpfizi y’intama hanyuma ufate makeyi ku maraso yayo, uyasige ku gutwi kw’iburyo kwa Aroni no ku matwi y’iburyo y’abahungu biwe. Uzoyasiga kandi ku rukumu rw’ukuboko kwabo kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge cabo c’iburyo, wongere uyamijagire ku mpande zose z’igicaniro.
-