38 Nuko Aroni umuherezi aduga umusozi Hori nk’uko Yehova yari yabimutegetse, hanyuma apfirayo. Hari mu mwaka ugira 40 Abisirayeli bavuye mu Misiri, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu+.
6 Abisirayeli baciye bava i Beroti Bene-Yakani baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye kandi ni ho bamuhamvye+. Umuhungu wiwe Eleyazari yaciye aba umuherezi mu kibanza ciwe+.