ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 20:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 «Aroni agira apfe ahamvye ab’iwabo*+. Ntazokwinjira mu gihugu nzoha Abisirayeli, kuko mwagararije itegeko nabahaye ku bijanye na ya mazi y’i Meriba+.

  • Guharura 20:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Musa araheza yambura Aroni impuzu ziwe, azambika Eleyazari umuhungu wiwe. Inyuma y’ivyo, Aroni apfira ng’aho kw’isonga ry’umusozi+. Musa na Eleyazari baca baramanuka bava kuri uwo musozi.

  • Guharura 33:38
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 38 Nuko Aroni umuherezi aduga umusozi Hori nk’uko Yehova yari yabimutegetse, hanyuma apfirayo. Hari mu mwaka ugira 40 Abisirayeli bavuye mu Misiri, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu+.

  • Gusubira mu vyagezwe 10:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Abisirayeli baciye bava i Beroti Bene-Yakani baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye kandi ni ho bamuhamvye+. Umuhungu wiwe Eleyazari yaciye aba umuherezi mu kibanza ciwe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:50
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 50 Uzoca upfira ng’aho kuri uwo musozi, uhamvye ab’iwanyu* nk’uko Aroni mwenewanyu yapfiriye ku musozi Hori+, agahamvya ab’iwabo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika