24 «Bwira Abisirayeli uti: “Umusi wa mbere w’ukwezi kugira indwi uzoba ari umusi w’akaruhuko kuzuye. Ni umusi w’intibagirwa uzotangazwa mu kuvuza urumbete+, umusi w’ikoraniro ryeranda. 25 Nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora. Muzozanira Yehova amashikanwa bashikanisha umuriro.”»