ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 28:3-8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Ubabwire kandi uti: “Iri ni ryo shikanwa bashikanisha umuriro muzoshikanira Yehova: Buri musi muzokwama mutanga ishikanwa riturirwa rigizwe n’imyagazi ibiri y’intama* itagira akanenge kandi imaze umwaka umwe+. 4 Umwagazi umwe muzowushikana mu gatondo, uwundi ku mugoroba*+. 5 Muzowutangana n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze ivanze n’ica kane c’ingero ya hini* y’amavuta amiminye neza+. 6 Ni ishikanwa riturirwa ryamaho+ ryatanguriye ku musozi Sinayi, ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova. 7 Muzoritangana n’ishikanwa ry’ikinyobwa ku mwagazi umwumwe wose+. Iryo shikanwa ry’ikinyobwa rizoba rigizwe n’ica kane c’ingero ya hini y’inzoga. Muzorisuka ahantu heranda, ribe ishikanwa ry’ikinyobwa rihabwa Yehova. 8 Uwundi mwagazi muzowushikana ku mugoroba. Muzowutangana n’ishikanwa ry’intete be n’ishikanwa ry’ikinyobwa nka bimwe vyo mu gitondo, bibe ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika