-
Kuvayo 18:25Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Araheza atora muri Isirayeli abagabo babishoboye, abagira abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi.
-
-
Yosuwa 22:13, 14Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Maze Abisirayeli batuma Finehasi+ mwene Eleyazari umuherezi ku Barubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase mu karere ka Gileyadi, 14 ari kumwe n’abakuru cumi. Umukuru wese yaserukira umwe mu migwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, akaba kandi yari umukuru w’umugwi avamwo, mu bantu ibihumbi bo muri Isirayeli+.
-
-
1 Ngoma 27:1Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
27 Iyi ni yo yari imigwi y’Abisirayeli yakorera umwami. Yarimwo abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+, hamwe n’abarongozi+. Bitwararika ibintu vyose bijanye n’iyo migwi. Iyo migwi yarakurakuranwa* ku kwezi ku kwezi, mu mezi yose y’umwaka. Umwumwe wose warimwo abantu 24.000.
-