-
Itanguriro 46:2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 Mw’ijoro Imana ibonekera Isirayeli, iramuhamagara iti: «Yakobo, Yakobo!» Na we ati: «Sabwe!»
-
-
Kuvayo 24:9-11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Musa ari kumwe na Aroni, Nadabu, Abihu na ba bashingantahe 70 bo muri Isirayeli baca baraduga, 10 maze babona Imana ya Isirayeli+. Munsi y’ibirenge vyayo hari ikintu kimeze nk’isaso y’amabuye ya safiro, gityoroye nk’ijuru ritagira ibicu+. 11 Nta co yagize abo bakuru bo muri Isirayeli+. Nuko babona Imana y’ukuri mw’iyerekwa, hanyuma bararya bongera baranywa.
-