45 Umunyamibembe rero akwiye kwambara impuzu zitabutse kandi ntakwiye gutunganya imishatsi yiwe. Akwiye gupfuka umunwa wiwe, akagenda arasemerera ati: “Ndahumanye, ndahumanye!” 46 Igihe cose azoba afise iyo ndwara azoba ahumanye. Akwiye kuba ukwa wenyene kubera ahumanye. Azoba hanze y’ikambi+.