21Yehova abandanya kubwira Musa ati: «Bwira abaherezi ari bo bahungu ba Aroni uti: “Ntihaze hagire uwihumanya kubera umuntu wo mw’ihanga ryiwe yapfuye+.
9 Ariko nihagira uwupfira iruhande yiwe giturumbuka+, agahumanya imishatsi yiwe yerekana ko yiyeguriye Imana, ategerezwa kumwa umushatsi wiwe+ ku musi wo kwihumanura. Azowumwa ku musi ugira indwi.
6 Ico gihe hariho abagabo bari bahumanye kubera bakoze ku kiziga+, ku buryo batashobora gutegura ikimazi ca Pasika kuri uwo musi. Baca baza imbere ya Musa na Aroni kuri uwo musi+,
19 Muzomara imisi indwi muba hanze y’ikambi. Umuntu wese muri mwebwe no mu bo mwagize imbohe yishe umuntu canke agakora ku muvyimba+, ategerezwa kwihumanura+ ku musi ugira gatatu no ku musi ugira indwi.