-
Nehemiya 13:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ico gihe basomera abantu mu gitabu ca Musa+. Basanze handitsemwo yuko ata Mwamoni canke Umunyamowabu+ akwiye kwigera yemererwa kuba mu bagize ishengero ry’Imana y’ukuri+, 2 kuko batasanganiye Abisirayeli ngo babahe umukate n’amazi, ahubwo bagaha amahera Balamu ngo abavume+. Ariko uwo muvumo Imana yacu yawuhinduye umuhezagiro+.
-