18 Kuri uwo musi Yehova agirana isezerano na Aburamu+, avuga ati: «Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini ari rwo Efurate+. 19 Nzobaha akarere k’Abakeni+, ak’Abakenizi, Abakadimoni,
16 Abakomoka kuri wa Mukeni+, ni ukuvuga sebukwe wa Musa+, bava mu gisagara c’ibigazi*+ bari kumwe n’abo mu muryango wa Yuda. Baja mu bugaragwa bwo mu Buyuda buri mu bumanuko bwa Aradi+, babana na bo+.