3 Yehova Imana yanyu azojabuka imbere yanyu. Ubwiwe azotikiza ayo mahanga ari imbere yanyu muheze mwigarurire igihugu cayo+. Yosuwa ni we azobajabukana hakurya ya Yorodani+ nk’uko Yehova yabivuze. 4 Yehova azoyatikiza nk’uko yatikije Sihoni+ na Ogi+, ba bami b’Abamori hamwe n’igihugu cabo+.