20 maze bababwire bati: “Uyu mwana wacu ni intagondwa, ni umugarariji kandi ntatwubaha. Ni umukunzi w’inda+ kandi ni imborerwa+.” 21 Abantu bose bo muri ico gisagara baze bamwicishe amabuye. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe, kandi Abisirayeli bose bazovyumva batinye+.