-
2 Samweli 5:11, 12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Umwami Hiramu+ w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, amurungikira n’ibiti vy’amasederi+, ababaza ibiti hamwe n’abubakisha amabuye bo kwubaka impome. Maze batangura kwubakira Dawidi inzu*+. 12 Dawidi amenya rero ko Yehova yakomeje ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli+, akamugira umwami akomeye+ ku neza y’abantu biwe b’Abisirayeli+.
-