-
2 Samweli 5:19-21Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Dawidi abaza Yehova+ ati: «Nduge kurwanya Abafilisitiya? Uramfasha kubatsinda?» Yehova amwishura ati: «Duga urwanye Abafilisitiya kuko ntabura kugufasha kubatsinda+.» 20 Nuko Dawidi aja i Bayali-Perasimu, ahatsindira Abafilisitiya. Maze avuga ati: «Yehova yanciriye inzira mu bansi banje+, nka kurya amazi amena agaca inzira.» Ni co gituma aho hantu yahise Bayali-Perasimu*+. 21 Abafilisitiya bata ng’aho ibigirwamana vyabo, maze Dawidi n’abantu biwe barabitwara.
-