ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 6:10-12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Yehova Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha+, igihugu kirimwo ibisagara binini kandi vyiza mutubatse+, 11 amazu yuzuyemwo ivyiza vy’ubwoko bwose mutakoreye, ibinogo vy’amazi mutimvye, imirima y’imizabibu hamwe n’ibiti vy’imyelayo mutateye hanyuma mukarya mugahaga+, 12 muraba maso ntimuze mwibagire Yehova+ we yabakuye mu gihugu ca Misiri, igihugu mwabayemwo muri abashumba*.

  • Yobu 31:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Nimba narizigiye inzahabu,

      canke nkabwira inzahabu nzizanziza nti: “Ni wewe mpanze amaso+”,

  • Yobu 31:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 iryo rero ryoba ari ikosa rihanwa n’abacamanza,

      kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri iri mw’ijuru.

  • Imigani 11:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Ubutunzi* nta co buzomara ku musi w’uburake+,

      ariko ubugororotsi ni bwo buzokiza umuntu urupfu+.

  • Imigani 11:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Uwizigira ubutunzi bwiwe azogwa+,

      ariko umugororotsi azototahara nk’amababi y’igiti+.

  • Imigani 23:4, 5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Ntiwiyahagure kugira uronke ubutunzi+.

      Vyihoze, werekane ko ufise ubwenge*.

       5 Uraburaba ukabubura aho wabubonye+,

      kuko butabura kumera amababa nk’inkona, maze bukigurukira mu kirere+.

  • Matayo 6:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Mureke kwiyegeraniriza amatungo kw’isi+, aho udukoko n’ingese biyonona, aho kandi ibisuma bimena bikayiba.

  • Matayo 6:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Nta woshobora gukorera ba shebuja babiri, kuko azokwanka umwe agakunda uwundi+, canke akihebera umwe agasuzugura uwundi. Ntimushobora gukorera Imana n’Ubutunzi+.

  • Mariko 8:36
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Mu vy’ukuri, bimaze iki kwunguka isi yose ariko ukahasiga ubuzima+?

  • Luka 12:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Araheza ababwira ati: «Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina*+, kuko naho umuntu yoba afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze+.»

  • 1 Timoteyo 6:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Bwira* abatunzi bo muri iki gihe* kutibona* no kutizigira ubutunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bizigire Imana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose tunezererwa+.

  • 1 Yohani 2:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Kuko ibintu vyose biri mw’isi, ni ukuvuga ivyipfuzo vy’umubiri+, ivyipfuzo vy’amaso+ no guhayagiza ivyo umuntu atunze*, bidakomoka kuri Data, ahubwo bikomoka mw’isi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika