ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 34:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Kuko izohemba umuntu yisunze ivyo akora+,

      igatuma ashikirwa n’ingaruka z’ingeso ziwe.

  • Imigani 24:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Hamwe wovuga uti: «Ivyo nta vyo twari tuzi»,

      mbega umwe asuzuma imitima* ntazobimenya+?

      Emwe, umwe akwitegereza azobimenya

      kandi azohemba umuntu wese yisunze ivyo yakoze+.

  • Abaroma 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Kandi izokwishura umwe wese ibihuye n’ivyo akora+:

  • 2 Abakorinto 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Kuko twese dutegerezwa kurenguka* imbere y’intebe y’imanza ya Kristu, ngo umwe wese aronke ibikwiranye n’ivyo yakoze akiri mu mubiri, vyaba vyiza canke bibi*+.

  • Abagalatiya 6:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Ntimuzimire: Imana nta wuyihenda*. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+.

  • 2 Timoteyo 4:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Alegizandere wa mucuzi w’umujumpu yarangiriye nabi cane. Yehova* azomwishura ibihwanye n’ivyo yakoze+.

  • Ivyahishuwe 20:12, 13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ndaheza mbona abapfuye, abahambaye n’abantu batobato, bahagaze imbere y’iyo ntebe maze imizingo irazingururwa. Hanyuma uwundi muzingo urazingururwa, ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye baca bacirwa imanza ku vyo bakoze, hisunzwe ivyanditse muri iyo mizingo+. 13 Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo nyene birekura abapfuye bo muri vyo, maze bacirwa imanza hisunzwe ivyo umwumwe wese yakoze+.

  • Ivyahishuwe 22:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 “Ehe ndaje ningoga, kandi nje mfise impembo, kugira mpembe umuntu wese nisunze ibikorwa vyiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika